ARIKO NINDE YAROZE BANO BANTU
UMVE: Mumasengesho aheruka hariya i Gitega , Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yavuze amajambo meza cane, y’ubaka, aremesha kuburyo twese twagize icizere y’uko amahoro agiye gusasagara mu Gihugu ca twibarutse maze twese tugire imvugo imwe imbere y’abarundi n’ amakungu ( EREGA NTANUMWE ANEZERWA N’INGENE ABARUNDI BARI MU GAHINDA, UBUKENE N’UMWIHEBURO). Iryo jambo rero twari twarishimye mbere turanarikomera amashi.
UMVA RERO IVYAKURIKIYE: Ata n’indwi iheze, Evariste Ndayishimiye nyene aca arivuguruza imbere y’ikoraniro ry’imbonerakure, aho yabasaba ko bagomba kurikanura gusumba uko bahora mbere aca avuga ko n’ibiganiro vyaheze, ata bindi bizoba. Akabivuga adakoresha n’imvugo mbabarira amatwi, imvugo zitwibutsa za ntwaro zo kwa MOBUTU. MBE NONE IYO MANA MUVUGA MU BIKORANE NI NYOGOSENGE?
GABURIYERI ( Gabriel ) RUFYIRI ATI ABA BANTU AMASENGESHO YABO NTAHO ATANIYE N’AYABAFARIZAYO, SIJE NOHAHERA!
Ivyari vyashimwe igihe c’amasengesho na Kaka Boney: « NGOMBA NSHIME BIVUYE K’UMUTIMA IJAMBO RYA EVARISTE NDAYISHIMIYE
Nkuko nayumvise nciye kuri Radiyo Isanganiro ku makuru yo kuwa 19/08/2017, Evariste Ndayishimiye umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD, ahejeje kuvuga ijambo twari turindiriye kuva mu 2015. NDAMUKEJE CANE!!!
Mugihe bari bamaze imisi mu Gikorane catunganijwe n’uwo Mugambwe, NGIRI IJAMBO EVARISTE NDAYISHIMIYE YASHIKIRIJE ABARUNDI N’AMAKUNGU ( INCAMAKE ):
Turamaze gutegera ico Imana Idushakako ko ari ugusubira gusanura Igihugu cacu Uburundi mu gusubiza hamwe twese. Tugomba gushira umutima hamwe, tumenye ko dusangiye Igihugu atanumwe avuyemwo. Nitubigendere Shetani ntasubire kuducanishamwo ngo dusubire kuvuga imvugo nyishi. Ubu tugiye guhindura imvugo maze imvugo yacu ibe akanyamuneza mu bonse rimwe.
EVARISTE NDAYISHIMIYE ARABANDANYA:
Kuva uno musi rero, abagumyabanga twese turatangaje icese ko ata Murundi uwariwe wese tuzosubira kwita UMWANSI WACU ( Abari ngaho bose baciye bakoma amashi kuburyo vyaboneka ko abagumyabanga benshi naboni bari banyotewe iryo jambo). Turamenyesheje ko kuva uno musi dukunda abo bose bahora batwinuba kuko ubu tugiye mu bihe vyo guhinduka. Nibatwizere natwe tubizere maze twubake Igihugu cacu.
AYO NIYO AMAJAMBO ABARUNDI BIPFUZA MURI BINO BIHE MAZE TUGASABA KO IMVUGO IJANA N’INGIRO! »
Honorable KAKA Boney
UMUSHINGAMATEKA