Tanzaniya : Umushingamateka atavugarumwe na Reta yahagaritswe

Umushingamateka ava mu mugambwe Chadema utavugarumwe na Reta ya Tanzaniya ari mu minwe y’igiporisi ca Tanzaniya yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu John Pombi Magufuli.

Tundu Lissu,umunywanyi w’umugambwe Chadema akaba n’umukuru w’abashingwamanza mu gihugu ca Tanzaniya,yahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017,kubera yashize ahabona inkuru y’indege yaguzwe na Tanzaniya ifatirwa mu gihugu ca Canada.

Umuvugizi w’umugambwe Chadema aremeza amakuru y’ifatwa ry’umushingamateka Tundu Lissu,akemeza ko rijanye n’indege yafashwe na Canada mu ntumbero yo kwishuza amadorare imiryoni 38 z’abanyamerika.

Mu mugambwe utavugarumwe n’ubutegetsi mu gihugu ca Tanzaniya bavuga ko iyo ndege yatumye umushingamateka Tundu Lissu apfungwa, yafashwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo ya sentare yo mu mwaka wa 2010,mu rubanza rwatsinzwe n’ishirahamwe Canadian Stirling Engineering Limited.

Kuva umwaka utangura, umushingamateka Tundu Lissu ahagaritswe ku ncuro ya gatandatu kubera ayandi madosiye afise mu butungane.