Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga imyuga

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Felix MPOZERINIGA amenyesha ko inyigisho z’imyuga zahora zifatwa nk’izitimewe na Reta,ubu zemewe kuko zifasha mw’iterambere ry’igihugu.

Felix MPOZERINIGA arongoye ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi avuga ko hamaze kujaho amategeko agenga ingene amashuri y’imyuga akora,kugira abaheza muri yo basohoke bakwiye kwitwa abanyamyuga vy’ukuri.

Umushikiranganji Felix MPOZERINIGA agasigura ko muri ayo mashuri hiyandikishayo,abanyeshuri bize mw’ishuri nshingiro,ariko batatoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi akamenyesha kandi ko amashuri y’imyuga yakira kandi abadafise akazi, basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zitabatuma bakora akazi k’imyuga.

Felix MPOZERINIGA,Umushikiranganji w’abakozi n’akazi

Amashuri y’imyuga yahora mu bushikiranganji bw’indero,yashizwe mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi inyuma y’itanguzwa ry’indinganizo nshasha y’ishuri nshingiro