Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura basaba kuronswa imishahara yabo

Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura mu gice co muri karitiye « Asiatique » basaba ko bohabwa umushahara wabo w’amezi atatu, kuko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwamaze kuyasohora, ariko ababaserukira mw’ishirahamwe ryabo bakaba batarayabashikiriza.

Nk’uko bivugwa n’abo bakora isuku, uwubaserukira mw’ishirahamwe ryabo, ariwe Chantal NIKIZA niwe yatoye ayo mafaranga ku bubiko bw’iryo shirahamwe buri muri banki, ariko bakaba batashoboye kuyaronswa nk’uko vyahora bikorwa.

Abo bakora isuku babandanya bavuga ko kuva ku munsi wa mbere w’iyi ndwi bagumye basaba iyo mishahara yabo, ariko ababaserukira mw’ishirahamwe bakaguma bababwira ko bataraja kuyabikuza muri Banki.

Basaba ko boronswa imishahara yabo kugira bitegurire kugurira ibikoresho vy’ishure abana babo buca batangura amashure.

Chantal NIKIZA aserukira ishirahamwe ry’abo bakora isuku mu gisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ataraja kubikuza ayo mafaranga kuri konte, abasaba ko botenyenya gushika ku munsi wa gatatu w’indwi iza, akabizeza ko uwo munsi utazohera bataronkejwe imishahara yabo.