Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya yemereye Abarundi bahungiye muri ico gihugu ko bagiye gufashwa guhunguka, ku babishaka. Ahagamarira n’abandi babishaka ko bobandanya kwiyandikisha kugira imbere y’impera z’uku kwezi kw’umunani baze batahukanwe.
Mu rugendo yagize kuri uwu wa kane mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, Mwigulu Nchemba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, aherekejwe n’izindi ntumwa z’iyo Reta, yasavye Abarundi bari muri iyo kambi y’impunzi ko botaha kwubaka igihugu cabo.
Uwo mushikiranganji avuga ko Reta ya Tanzaniya itazokwihanganira abantu canke amashirahamwe yigenga bariko babera intambamyi abakeneye gutaha ku bushake bwabo.
Uwo mushikiranganji yemereye abamaze kwiyandisha hamwe n’ababandanya kwiyandikisha, ko ibikenewe vyose biriko birakorwa kugira imbere y’ukwo uku kwezi kw’umunani guhera, Abarundi ba mbere bazobe batahukanwe.
Uwo mushikiranganji yabwiye izo mpunzi z’Abarundi ko mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagiranye na mugenzi we wa Tanzaniya John Pombe MAGUFULI, uwutwara Uburundi yamenyesheje ko amahoro n’umutekano bikwiye kugira abahunze batahuke.
Abarundi barenga ibihumbi 15 bo mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta muri Tanzaniya nibo bamaze kwiyandikisha ko bashaka gutahuka ku bushake bwabo, Reta y’Uburundi nayo ikamenyesha ko ibandanya imyiteguro y’ukwakira abo bantu.
