Makamba : Umwana w’imyaka 14 yishwe n’umuvukanyi wa Se wiwe

Umwana w’imyaka cumi n’ine yishwe atemaguwe hakoreshejwe umupanga, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba.

Uwo mwana yishwe n’umugabo avukana na Se wiwe, uwo mugabo nyene akaba ariwe yakomerekeje n’umupanga kandi n’uwundi mwana avukana n’uwo yishwe.

Mu giporisi mu ntara ya Makamba bavuga ko uwo yagirizwa ivyo vyaha ari mu minwe y’ubutungane.

Uwundi muntu umwe yakomeretse nawe nyene atekagujwe umupanga muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke. Uwo yahatswe kugandagurwa ni umutamakazi w’imyaka 60 yatewe ku rugo iwe n’abasuma batanu bitwaje imipanga, bakaba bagiye bamwivye amafaranga yose yari afise, hamwe n’ikinga ryiwe.

Mu giporisi mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bariko bararondera uwo murwi w’abasuma wasahuye uwo mutamakazi, ugahakwa n’ukumugandagura.