
Sentare yo muri Korea ya ruguru yaciriye urubanza umugwizatunga nyene ishirahame Samsung rwo gupfungwa imyaka itanu azira gutanga igiturire.
Lee yagirizwa gutanga igiturire mu vyatumye n’umukuru w’igihugu wa Kore ya ruguru ahagarikwa mu mabanga yiwe.
Ivyo vyateye agashavu abanyagihugu ku mashirahamwe akomakomeye yo muri Korea y’epfo. Lee yarahakanye ivyo yagirizwa vyose akaba yari yasabiwe gupfungwa imyaka 12.
Uwo mugabo azwi kw’izina rya Jay Y Lee, ari we aramutswa ishirahamwe rikomeye rikora amatelefone ngendanwa agezweho, ari mu mvuto kuva mu kwezi kwa kabiri yagirizwa igiturire.
Korea yepfo: Sentare yanse gukurikirana uwuyoboye Samsung
Inyubakwa za Samsung zasatswe muri Korea y’epfo
Hakaba harimwo gutanga igiturire, gusahura itunga ry’igihugu no kunyegeza ubutunzi bwiwe mu bindi bihugu.
Uwo mugabo w’imyaka 49 yagirizwa gutanga imfashanyo ingana ku miliyoni 36 z’amadolali ku mashirahamwe adaharanira inyungu yari arongowe na Choi Soon-asil, somambike wa prezida wa Korea y’epfo Park Geu-hye, mu ntumbero yo kuronka uturusho muri politike.
Abacamanza bavuga ko izo mfashanyo zahabwa somambike wa prezida Park kugira reta ishigikire itunganywa bushasha ry’ishirahamwe Samsung ryari gutuma riha igihagararo Lee co co kwigarurira ibikorwa vyose vya Samsung Electronics.
Uwuburanira Lee yamaze kumenyesha ko agiye kwunguruza.