Ikibazo catewe n’umuceri ni kimwe mu bibazo vyinshi vyaranze ubutegetsi bwa Yingluck Shinawatra
Inkuru ziva mu mugambwe wiwe zivuga ko yafashe ingingo yo guhunga ikitaraganya, imbere gato y’uko urwo rubanza rucibwa i Bangkok.
Sentare yasohoye umutahe wo kumuhagarika ica inafata n’ingwati yari yatanze.
Abamuburanira babwiye sentare ko atari yitavye kubera amagara amukitse.
Thailand yaciye urubanza rw’ikivunga kubagirizwa kudandaza aba Rohingya
Ariko sentare yavyamiriye kure ica yungururiza urwo rubanza kw’itariki 27 z’ukwezi kw’icenda.
Umupfasoni Yingluck yarahakanye ko ata caha yakoze muri ivyo bintu vyatumye Thailand ihatakariza amamiliyaridi y’amadolali.
Mu gihe yohamwa n’icaha, ashobora gucibwa umunyororo w’imyaka cumi kandi agaca ahagarikwa mu bikorwa vyose vya politike.

Amajana n’amajana y’abashigikiye Yingluck bari bakoraniye hanze ya sentare
Hari umuntu wo mu mugambwe wa Yingluck , Puea Thai Party, yabwiye Reuters ko « yamaze kuva Thailand » ariko ntiyavuze iyo yerekeje. #
Umwami wa Thailand azogandarirwa ukwezi kwose
Imbere y’aho, umushikiranganji wa mbere Prayuth Chan-ocha yari yavuze ko amabarabara yose asohoka igihugu apfunzwe kandi acungerewe.
« Numvise ko atitavye sentare, » ni ko yabwiye abamenyeshamakuru. « Nategetse ko isakwa ku rubibe ryongerezwa cane. »