Ibintu 7 Imana itazitwararika kuri wa munsi w’imanza➖➖➖➖➖➖➖➖
1. Ntizokubaza uko inzu yawe yangana canke ubwiza bwayo yarusha izindi ahubwo izokubaza abo wakiranye igishika muriyo ukabaha indaro.
2. Ubwoko bw’akazi wari ufise canke ingene yumushahara wawe wangana ntizabiraba, izakubaza uko witwaye muri ako kazi n’ico wakoresheje umushahara mu gushigikira Ubwami bw’Imana no gufasha abakene.
3. Ntizokubaza ubwiza bw’imyambaro wari ufise na modele cank style zigezweho wajanishaga mu gihe cawe, ahubwo izakubaza abo wambitse kubw’imbabazi n’urukundo rwinshi!
4. Igitigiri c’incuti wari ufise ivyo ntaco bivuze ku Mana, ahubwo izokubaza abo wabereye incuti nziza bakakwigirako kuyubaha no kuyikorera m’urukundo.
5. Ntizokubaza aho waba ari igihugu canke idini, izokubaza uko wari ubanye n’ababanyi,incuti n’abagenzi bawe!
6. Ntizokubaza abo wabwiye ubutumwa bwiza vyonyene, ahubwo izokubaza ivyo wigishije ico vyahinduye ku buzima bwawe bwite n’ingingo wafashe.
7. Ntizokubaza igituma watevye gukizwa canke incuro waguye muvyaha, Umwami niyasanga uri maso kandi watunganije vyose inzamba yiwe uzayumva nta kabuza!
«Imana igushoboze kuba uwo yifpuza ko uba we kurusha kuba uwo wowe wifuza kuba ndetse woye kwama ushira imbere y’Imana ivyo ushaka gusa ahubwo wibuke n’ivyo Imana igushakako.»
Iri vugabutumwa nawe worikora. Biroroshe: ni ugukora « Share » gusa n’abandi bakabimenye.