Abisezerano Abo Isezerano turi bande? Bamwe bati dukorana na Lata y’Uburundi abandi bati turwanya Leta y’Uburundi!!! Twebwe turaba ico twahamagariwe gusa atakidusamaza. 27 août 2017 Ihanga ry-Imana ABISEZERANO Imana yo mw’ijuru Uhoraho yadutororokanije idukura mumahanga irya n’ino, mu ntara zigihugu cacu, mu madini atandukanye, ivyiyumviro vya politike bitandukanye, amoko n’imiryango yose igize Uburundi kugira ngo tuyikorere. Imana Mushobora vyose yaradutoranije itugira Ihanga ryayo maze iduha Isezerano ry’intahava. Iryo sezerano ni iry’Igihugu c’Uburundi Bushasha bw’isezerano, igihugu kizoba gitemba amata n’ubuki (Amahoro,Ubutungane n’iterambere kuri bose). Twese turi beneburundi, ntawuzosubira kwicwa ahowe uko yavutse, abahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa nimvange bose turi ABISEZERANO; Ihanga ry’abarundi batuntujwe n’imiruho y’urwanko, indyane, amacakubiri, n’ubwicanyi vyateye intambara zurutavanako. Twahamagariwe kugarukira igihugu cacu c’Uburundi, Imana Uhoraho aganze mu Burundi bwose. Nkuko abarongozi b’Ihanga ry’Imana (Isirayeli) bamye babigenza, tuzobibutsa ivyo Imana yavuze vyose kugira ngo muvyitwararike. Kandi tuzokwitaho impunzi n’abateshejwe izabo ngo batahuke muzabo, twiteho impfuvyi, abapfakazi, abafise ubumuga n’abagaze muzabukuru.Tuzobashikiriza amakuru avugwa mu gihugu no kwisi mu kirundi, igiswahili n’igifaransa, kugira ngo mu menye ibimenyetso vy’ibihe. Ni musangwe Imana-Uburundi-n’Isezerano. Partager : Partager sur X(ouvre dans une nouvelle fenêtre) X Partager sur Facebook(ouvre dans une nouvelle fenêtre) Facebook Partager sur LinkedIn(ouvre dans une nouvelle fenêtre) LinkedIn Partager sur Telegram(ouvre dans une nouvelle fenêtre) Telegram Partager sur WhatsApp(ouvre dans une nouvelle fenêtre) WhatsApp Envoyer un lien par e-mail à un ami(ouvre dans une nouvelle fenêtre) E-mail Imprimer(ouvre dans une nouvelle fenêtre) Imprimer J’aime chargement… Similaire