Angola : Umukuru w’umugambwe UNITA abandanya kwiyamiriza ivyavuye mu matora

Umukuru w’umugambwe UNITA watsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu ca Angola Isaias Samakuva ariyamiriza ivyashikirijwe n’umurwi utegura amatora ,aho wamenyesheje ko umugambwe MPLA w’uwahora arongoye igihugu Jose Eduardo dos Santos ariwo watsinze amatora.

Naho umurwi utegura amatora wamenyesheje ko Joao Lourenço ariwe yatsinze amatora ku majwi 61,1 kw’ijana, Isaias Samakuva yavuze ko naho habaye amatora mu gihugu,igihugu ca Angola ata mukuru w’igihugu n’abashingamateka gifise.

Isaias Samakuva arongoye umugambwe UNITA yavuze ko mu gihe ubutsgetsi bwobandanya kudadaza, umugambwe wiwe uzoca witura ubutungane.

Isaie SAMAKUVA,umukuru w’umugambwe UNITA

Ibiharuro vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora mu gihugu ca Angola vyerekana ko,umugambwe MPLA w’uwahora arongoye igihugu ufise intebe 150 ku ntebe 220 ziri mu nama nshingamateka.

Joao Lourenço w’imyaka 63 akaba yarigeze kandi kuba umushikiranganji w kwivuna abansi, yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu inyuma yaho Jose Eduardo dos Santos amenyeshereje ko atazosubira kwitoza,amaze imyaka 38 ari ku butegetsi.