Guterera amatora ya 2020 vyabaye itegeko kuri bose.

Ubuyobozi bw’Ibanki BCB bumenyesha ko bwashizeho ikonte izoshirwako intererano izofasha mu matora yo mu mwaka wa 2020.

Nkuko biri mw’itangazo ry’ubuyobozi bw’ibanki BCB,bwashizeho iyo konte bubisabwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, amafaranga Reta ikoresha, no gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta.

Iyo Konte ni no 13101-00100098602/64 BIF yuguruwe kw’izina CONTIBUTION AUX ELECTIONS 2020.

Ubuyobozi bw’ibanki BCB bugasaba uwushaka guterera kwitura igisata c’Ibanki BCB kimwegereye.

Kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2017,igihe Uburundi bwibuka imyaka 55 iheze bwikukiye umukuru w’igihugu yasavye ko abarundi bonyene boterera amatora bakayitunganiriza batarinze kwitura abanyamahanga.

Haheze iminsi mike,Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaciye aterera imiliyoni zitanu z’amarundi abicishije mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu mu ntara ya Ngozi,kuri konte konte inomero 1110/267, yari yashikirije kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2017.

Naho umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yari yavuze ko guterera amatora ata tegeko ririmwo,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yahavuye asaba kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Myandaro 2017, abajejwe intwaro mu gihugu cose kwumvisha abo barongoye ko boterera amatora yo mu mwaka w’2020, kandi ukwo guterera amatora kukaba itegeko kuri bose.