Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yagiriza ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR ko ariryo ryagize uruhara mu guhunga kw’Abarundi, akavuga kandi ko iryo shirahamwe ririko ribera intambamyi abashaka gutaha.
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko mu 2015, ishirahamwe HCR ryubatse amahema ku mbibe z’Uburundi, abarundi bagahamagarirwa kuja kwakirayo ibifungurwa, bashitseyo bagategekwa kuvuga ko birukanwe n’Imbonerakure za CNDD FDD. Umugambwe CNDD FDD uvuga ko n’abashaka guhunguka ishirahamwe HCR ribabera intambamyi.
« Ishirahamwe ryemera ko impunzi baza kuzikuramwo urwaruka kugira baruhe ibirwanisho. Ako ni akamaramaza kw’isi kuko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi avuga ko ata mpunzi ikora poritike, nta mpunzi ifata ibirwanisho. Kandi impunzi ishaka gutaha nta n’umwe ashobora kuyankira. »

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD abwira abarundi bafise amakenga ko bazociribwa imanza nibahunguka ko borema.
« Nibaze, ni ivyacu, Reta ni umuvyeyi izomenya ingene ibigenza. Mugabo niyaba bari i Buraya, ntako Reta izobagenza kuko bifitiye iyindi Reta. Nibatahuke bareke kugira ubwoba, tuzovyimarira hagati yacu. Nta muntu azoba ariho kugira abasinzikarize ubuzima. »
Evariste NDAYISHIMIYE asaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR kworohereza abashaka gutaha.
« Kirazira ko bagira Uburundi urucuruzwa. Turateye akamo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ridukureko ico ceyi, ntihagire abasubira gufata Uburundi nk’uko umenga ni igihugu c’ikigeragezo. Nico gituma tutazokwemera ingingo zose bazofatira Uburundi kuko biraboneka ko ari ikinyoma. »
Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE agasaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR kutabera intambamyi abarundi bari mu makambi y’impunzi bipfuza gutaha. Ivyo Evariste NDAYISHIMIYE yabivugiye mu Rutana, muri komine Gitanga kuri uwu wa gatandatu.
