Mu ndwi iheze abantu 7 barishwe, 6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko n’imiburiburi abantu 7 bishwe, abandi batandatu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko,mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kurya 26 Myandagaro 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS Torture, abandi bantu 9 barakomeretse bakomerekejwe na gerenade, muri abo,isekeza SOS-Torture rimenyesha ko batatu ari abana bakomerekejwe na gerenade igihe bariko barayikinisha.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku kiziga c’umukenyezi azwi kw’izina rya Noella MASABARAKIZA catowe mu ruzi Jiji mu ntara ya Bururi, abiwe baza kumumenya inyuma y’iminsi ine.

Icegeranyo c’isekeza SOS-torture rigaruka kandi ku muganga asinziriza yakora ku bitaro vy’intara ya Makamba yahagaritswe na buramatari yagirizwa gusinziriza umuntu agaca yitaba Imana,aho yaciriwe gupfungwa imyaka 13. Isekeza SOS-Torture rikamenyesha ko yahagaritswe n’umuntu atabifitiye ububasha.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku mutekano muke uvugwa mw’ikambi y’impunzi iri I Lusenda mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, aho isekeza SOS-Torture risaba igihugu ca Republika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo kugarukana icizere hagati y’impunzi n’abajejwe ubuzima bwabo ku munsi ku munsi.