Ubugiliki: uwacumise Abasirikare yishwe.

Igiporisi c’inyamiramabi mu gihugu c’Ububirigi camenyesheje kuri uwu wa gatandatu ko umugabo yakomerekeje kuri uwu wa gatanu akoresheje imbugita abasirikare bacungera umutekano hagati mu gisagara c’umugwa mukuru w’Ububirigi, yapfuye ari mu bitaro kubera ibikomerere vyinshi yari afise.

Amakuru ava mu giporisi c’Ububirigi avuga ko umwe mu basirikare bari bacungereye umutekano yaciye arasa uwo mugabo,aho yakomeretse cane, mu nyuma aza gupfira ku bitaro.

Abajejwe amatohoza ku vyerekeye ibitero vy’abihevyi bavuga ko uwo mugwanyi yari yitwaje imbugita yatambutse anyaruka cane agana ahari abasirikare batatu aca arabacumita mu mugongo. Ivyo yabikoze avuga ati : « Allah Akbar », bisigura : « Imana niyo nkuru ».

Naho amazina y’uwo mwihevyi atamenyekana, bivugwa ko yavutse mu mwaka w’i 1987 akaba ari umubirigi akomoka mu gihugu ca Somariya. Yashitse mu Bubirigi mu mwaka wa 2004 aronka ubwenegihugu bw’ico gihugu mu mwaka w’2015.

Mwomenya ko ico gitero cabaye igihe c’isaha zibiri z’ijoro y’amasaha yaho mu gihugu c’Ububirigi, hagati mu gisagara hasanzwe hacungerewe cane n’abasirikare kuva aho habereye ibitero mu ntango z’umwaka w’2016 vyahitanye ubuzima bw’abantu 32.