Umusirikare yitegurira kuja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro yapfuye yirashe.

Umusirikare umwe mu bariko bitegurira kuja gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya yapfuye yirashe amasase abiri mu mutwe.

Uwo musirikare yirashe yari azwi kw’izina rya NDIZEYE w’ipete rya Caporal Chef,akaba yari mu murwi ugira 45 w’abasirikare bitegurira kuja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM.

Caporal Chef NDIZEYE yirashe ku mugroba wo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017,ari mw’ikambi ya Gakumbu aho yari arindiririye kuja mu gihugu ca Somaliya.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko bigoye kumenya icatumye yirasa, kuko ata butumwa yasize bwaba ubwanditse canke ubwo ku munwa.

Caporal Chef NDIZEYE yari mu murwi w’abasirikare bafasha guterura abagize ibibazo (Brancardier).