
1. Uzobe maso igihe *gusenga Imana* bihindutse ikintu kigoye kuri wewe.
2. Uzobe maso mu gihe *kwisonzesha* bibaye umugani mu nteguro zawe mu vya Mpwemu.
3. Uragaba igihe wumva *utakinezerwa n’ugusoma ijambo ry’Imana.*
4. Uragaba igihe *gukora ibikorwa vy’Imana* bikubereye umutwaro ukomeye aho kukubera umuhezagiro.
5. Uzobe maso igihe uzumva *kubaho wejejwe* bigutera kwumva uri nko mw’ibohero.
6. Uragaba igihe uzumva *kwibanira n’abatazi Imana* ari ikintu c’igiciro muri wewe.
7. Uraba maso igihe uzumva *ufise inzara n’inyota yo kwibera mu bidahimbara Imana.*
8. Uragaba igihe uzobona *kuvyuka gusenga mw’ijoro* bibaye umugani mu rugo ubamwo.
9. Uraba maso muvukanyi igihe uzumva *udakeneye Umwami Yesu n’umusi umwe gusa* ukikenerera ibindi.
10. Uzobe maso igihe uzumva *ukeneye kurya kenshi kuruta incuro usenga.*
11. Uragaba igihe uzoba *utagisangira n’abandi imirongo y’Ijambo ry’Imana.*
12. Murabe maso *igihe muzovuga ubutumwa mushaka kweyegeranirizako abantu gusa.*
13. Muragabe *igihe mumara umwanya munini kuri facebook,whatsap,tweeter n’izindi mbuga ngurukanabumenyi.*Izi mbuga zabaye nk’ibigirwamana umwansi Satani akoresha kandi *kuri benshi zatwaye ikibanza Imana.*
14. Uraba maso *igihe ubutumwa nk’ubu bukurambira gusoma,ariko inkuru zisetsa,iz’ibiterasoni zikakuryohera gusoma.*
*Murabere maso ibi vyose bene Data bakundwa.Tube maso kuko Satani we ntasinziriye.*
*Twitegure Yesu agiye kuza kujana abiteguye.*
*NDABINGINZE NTIBIBABERE UMUTWARO 🙏