Abagize leta y’uburundi batanguye umwiherero I Gitega

Abagize Reta y’Uburundi batanguye kuva kuri uwu wa mbere umwiherero uriko ubera mu ntara ya Gitega urongowe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Muri uwo mwiherero uzomara iminsi ibiri, hatumiwe kandi n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bwose bwa Reta y’Uburundi.

Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero y’ukurabira hamwe aho abagize Reta bagejeje ivyo bari biyemeje mu myiherero yaheruka, mu bijanye n’intwaro ibereye.

Uwo mwiherero utunganijwe mu gihe umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko ivyo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yiyemeje mu mwaka 2010 ko atazokwihanganira abarya igiturire atabishitseko. Inyuma y’imyaka indwi umukuru w’igihugu atangaje umugambi wa « Tolérance Zéro a la Corruption », mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ahubwo ko igiturire camaze kuba nk’umugenzo mu Burundi hamwe no mu nzego za Reta.

Mu kiganiro yaheruka gutanga ku bamenyeshamakuru, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yari yasavye ko Reta y’Uburundi yohaguruka ikarwanya ico giturire muri PARCEM bavuga ko ciziziye bamwe mu bategetsi bakomeye ba Reta y’Uburundi.