
Odinga yagiye muri sentare kwiyamiriza intsinzi ya Kenyatta
Sentare nkuru yo muri Kenya yemereye urunani rw’abatavuga rumwe mri ico gihugu NASA guhabwa uburenganzira bwo kwihweza ivyuma vyakoreshejwe n’akanama kajejwe gutegura amatora muri ico gihugu, mu matora yo ku wa 8 ukwezi kqw’umunani.
Iyo sentare ivuga ko urwo runani rufise uburenganzira bwo kwihweza ibiharuro bibitswe mu vyuma vy’ako kanama IEBC.
Uwaserukiye urunani NASA, Raila Odinga, yitwaye muri sentare yiyamiriza intsinzi ya Uhuru.
Ababuranira Odinga bahawe uruhusha na sentare rwo kuraba ibiharuro biri muri ivyo vyuma kugira batohoze neza ivyavuye muri ayo matora.