IBISOMWA VY’UMUNSI WA MBERE KUBAHAWE AMASENGESHO ADASANZWE
1. EZIRA 8:21: Maze ntangariza aho nyene kur’urwo ruzi ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebwe n’abana bacu n’ibintu vyacu vyose.
2. ZABURI 12:7-8: Uhoraho uzotuzigama, uzodukiza ab’iki gihe ibihe bidashira. Abanyakibi bayerera impande zose , iyo hashizwe hejuru abantu b’imburakimazi mu bana b’abantu.
3. ESITERI 4:15-17: Esiteri yemera guheba amagara yiwe ngo asabire ihanga ryiwe. Maze Esteri aratuma yishura morodekayi, ati genda ukoranirize hamwe abayuda bose bari I Shushani, mwisonzeshe kubwanje, mumare iminsi itatu kumurango no mwijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha dutyo nyene , mpeze mbone gushika aho umwami ari, naho ari uguca mucagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa mpfe! N’uko Morodekayi aragenda , akora vyose nk’uko Esiteri yamugeze.