Ruyigi: ibarabara RN 13 ryuguruwe.

Ibarabara rikuru « RN13 » riheruka gukorwa ku mfashanyo y’imiriyoni zitanu z’amadorare zatanzwe na Banki ya Afrika ijejwe iterambere ryuguruwe icese kuri uwu wa mbere n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Iryo barabara rica i Makebuko mu ntara ya Gitega gushika mu ntara ya Ruyigi, rikaba ringana n’ibirometero 41.

Ibirori vy’ukwugurura icese iryo barabara RN13 vyabereye muri komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.