
_Ndabagumbiriye mwese mw’Izana ry’uwadupfiriye akatuzukira YESU KRISTO._
_Turagiye kaganira kw’Ijambo ry’Imana rivuga k’ugushima IMANA._
Abah.13:15
*-« Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo ni co mbuto( ICAMWA) z’iminwa ishima Izina ryayo. »_*
_Bene Data, iryo Jambo rirakomeye caane._
_Ugushima n’igikorwa gikomeye caane Imana Ikunda._
*_Iyo Imana Ikoze ikintu Iba Ikeneye ko tuyishimira n’ubwo kenshi tudakunda kubikora._*
_Hari inkuru muri Bibiliya Yera ivugwa ku banyamibembe cumi._ Luk.17:12-19
_Yesu Yabakoreye igitangaza kimwe co kubakiza imibembe yabo bose, ariko muri bose umuntu umwe rudende ni we wenyene yagarutse gushima._
_No muri kino gihe ni ko bimeze. Benshi barasenga Imana Ikabishura, ariko ntibibuke gushima._
_Muze twige gushima IMANA ni ho tuzobona impinduka m’ubuzima bwacu, kandi n’Imana Ibibonye iLIzokora n’ibiruta ivya mbere._
_Ndababwire, mu mashimwe hari ubushobozi bukomeye caane._
_IMANA Iba mu mashimwe Y’ABAFISE IMITIMA ITANDUYE._
_Zab.50:14 & 23_
_14. Twame duha Imana ikimazi co gukenguruka…_
*_23.Umuntu wese anshikanira ikimazi co gukenguruka aba ampesheje icubahiro…_*
_Yesu abahe k’umugisha uva i Siyoni._