THÈME: kwama tunesha canke kwama tugira intsinzi.Ivyahish. 2:7:
*_ »Uri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Unesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana. »_*
_Ivyahish.2:11_
*_ »Uri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Unesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira. »_*
_Ivyahish.2:17_
*_ »Uri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Unesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’iryo handitswekw’Izina risha, nta muntu arizi, atar’uzorihabwa. »_*
_Ivyahish.3,5_
*_ »Unesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe. »_*
_Ivyahish.3-12_
*_ »Unesha nzomugira inkingi yo m’urusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw’Izina ry’Imana yanje, n’iry’umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw’ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw’Izina ryanje risha. »_*
_Ivyahish.3:21_
*_ »Unesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’Ubwami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data Ku ntebe yiwe. »_*
_Bene Data, ayo majambo ni aho ari menshi mugerageze muyasome mwitonze murabe ingene umuntu yama agenda anesha umubiri, anesha isi, anesha na satani azomererwa neza, kuko azoja mw’ijuru._
_Erega ncuti zanje Ijuru n’iry’abanesheje bonyene!_
_None wewe uneshwa kangahe k’umusi uvugishije ukuri?_
_Igitangaza s’ukuneshwa, ariko ikibabaje n’uko iyo kuneshwa kugushitseko uca ubigumamwo, ntugire umwete wo kwihana ngo ugirirwe imbabazi!_
_None rero bene Data, nagira ndangize ndabipfuriza kwama tunesha muri vyose kugira Yesu ni yaza twese tuzohabwe impera zose twabwiwe z’abanesheje._ _Yesu abahezagire._