Dushime Nyen’umugisha,Tumushime mw’isi twese,
Namwe mw ijuru mushime. Dat’ Umwana Mpwemu Yera.
GUHIMBAZA
: Holy, Holy, Holy, G.B.51 T.H.284
1. Yera, Yera, Yera, Mwam’ Imana yacu,
Kare mu gitondo tukuririmbire;
Uri n’ububasha, uri n’ikigongwe,
Ur’ Ubutatu bur’ Iman’ imwe.
2. Yera, Yera, Yera, eh’ abera bose
Bikubit’ imbere y’ iyiri ku ngoma:
Ni yo yamyeho, kand’Iriho, kand’ Iza,
Ibah’ ibihe bitazoshira.
3. Yera, Yera, Yera, Ur’ Iyera rwose,
Ubwiza bwawe ntibworabga n’ababi:
Ni wewe wenyene wer’ urusha hose,
Data w’ ubuntu, Nyen’ imbabazi.
4. Yera, Yera, Yera, Mwam’ Imana yacu,
Ivyaremwe vyose biragutazira:
Uri n’ububasha, uri n’ikigongwe,
Ur’ Ubutatu bur’ Iman’ imwe.