Ikawa yari ishowe mu Rwanda yafashwe.

Ibiro amajana atatu vy’ikawa yari ijanwe kudandazwa mu gihugu c’Urwanda yafatiwe ku musozi Runyinya, komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza. Abari bayishoye mu Rwanda mu kinyegero bashikirijwe ubutungane.

Iyo kawa yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu. Abayifatanwe ni abagabo batandatu aribo Nyandwi Gervais, Nizeyimana Audace, Mizero Therence, Nizigiyimana Jean, Ndereyimana Paul hamwe na Nsengiyumva Boniface.

Abafatanwe ikawa yari itwawe kudandazwa mu Rwanda

Abo bagabo bafatanwe iyo kawa baciye bashikirizwa Parake ya Kayanza kugira ibacire urubanza.

Iyo kawa yafatiwe muri komine Kabarore