Umunezero ni ikimenyetso c’intsinzi

_ICH:Iciyumviro co Hejuru:_ « ` »NIWAME UNEZEREWE. »« `*Queen Bénita* 

Mbega woba waruzi ko umunezero ari ikimenyetso c’intsinzi? 

_*Zaburi 2:4* « Umwe avyagiye mw’ijuru azobatwengera mw’ijigo: Umwami Imana izobakengera. »_

Umu Kristo ahari hose yategerezwa kuba ari umuntu yama anezerewe kandi ahimbawe cane. 

Satani we ntasamara kuko arazi akamaro k’umunezero, niyo mpamvu ibimuvako vyose ari ibituma umuntu abaho amerewe nabi adashobora kunezerwa. 

Ibaze nk’ubu ikinyoma kiguteye ugaca ugira mumaso hijiriwe. Mubisanzwe aho ugaragaje ubukuru bwaco kuri wewe. 

Ariko iyo ukibonye kije hama ugatangura gutwenga, uhimbaza Imana mu matazirano no muri Mpwemu,oooh haleluya, aho uba uriko urakibwira ko caneshejwe kandi atabubasha na bumwe kigufiseko. 

Fata ingingo uyu musi yo kwama unezerewe no kwama uhimbawe ibihe vyose. Kuko burya umunezero w’Uhoraho nizo nkomezi zacu *(Nehemiya 8:10)*.  Mwarahezagiwe cane.