Inyuma y’umwuzure wateye mu ntara ya Texas, umukuru w’igihugu Donald Trump yagendeye igisagara ca Corps Christi casinzikajwe n’uwo mwuzure, akaba yavuganye n’abanyagihugu b’aho, yongera arabonana n’abajejwe intwaro hamwe n’urwego rujejwe gutabara.
Abantu 2000 nibo bahungishijwe muri Texas kubera uwo mwuzure, ibikorwa vyo gutabara bikaba bibandanya, aho imfashanyo ziriko ziratangwa mu ntumbero yo gufasha abo bahuye n’ico kiza.
Mu bantu bashika 18 bahasize ubuzima, harimwo umuntu ajejwe umutekano, abantu benshi barakomeretse, inyubakwa zirabomoka, amabarabara yararengewe n’amazi, ivyuma vyerekana uko uruja n’uruza rugende mu mabarabara hamwe n’ibikoresho bitwara umuyangankuba vyarasenyutse.
Donald Trump abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Amerika agendeye abanyagihugu mu mishuhira y’ikiza. George Bush na Barack Obama bagendeye abanyagihugu bahuye n’imyuzure inyuma y’imisi kandi bakaba batashoboye kuganira n’abo imbonankubone.

