Dusangire amajambo y’Imana.

_Ndabaramukije bakundwa b’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.__Ndongowe ko twosangira Ijambo ry’Imana rivuga ngo:_
*_UMWIDEGEMVYO WACU UKWIYE KUGANZWA N’URUKUNDO_*

Ab’i Galatiya 5:13-15
*_ »Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremre kanyu, arik’urukundo rubatere gukorerana. Kukw’ivyagezwe vyose bihurira mur’iri jambo, ngo mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. Ariko nimwashikurana mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye. »_*

_Iri Jambo ry’Imana ritubwira k’umwidegemvyo._

_Paulo yariko arabwira ab’i Galatiya yuko n’aho bari mu mwidegemvyo ko ibikorwa vy’umw’umwe wese yobikora ari m’urukundo._
_Umwidegemvyo utarimwo urukundo ngo ntaco uba umaze._ _Har’igihe uganira n’umuntu akakubwira ngo aho usanzwe usengera barababuza umwidegemvyo (barababanira saana)!!_

_Ijambo ry’Imana rivuga ko tutokwirengagiza ivyagezwe = amategeko kuko vyashirewe indero nziiiizaaa n’urutonde._

_Urugo rutagiramwo amategeko, urwo umwana wese akora ico ashatse cose ukw’agomvye, yambara ukw’ashatse n’ibimuje m’umutwe, agataha igihe ashakiye ntihagire icamira,…ntiruba ari urugo rwo kwipfuzwa, iherezo ry’abarukuriyemwo riba ribi cane!!!_

_Ijambo ry’Imana rivuga ngo muzobamenyera kuvyo bama._

_BIBILIYA YERA itubwiye ngo dukunde bagenzi bacu nk’uko twikunda._

_Akabazo ni kamwe:_

*_Mbega m’umuryango urimwo canke ah’usengera bivanye n’ingene uri canke uko ugenda, uko wifata, ubona umwidegemvyo wawe urimwo Urukundo❓❓_*

*_Ubona IMANA Ikwitegereje igushima nk’uko yashimye Nowa wenyene, igihe abo m’urunganwe rwiwe boooose bari banduye❓❓_*

*_Urasoma icete ca 1 c’ab’i Korinto ba igice ca 13 cose, urabe ic’ijambo ry’Imana rivuga kuvy’urukundo._*

_Umurongo wa nyuma watubwiyengo ni mwaraka ntimutsontsomerane, n’ukuvuga ngo mwirinde urwanko rw’akazikira, ntimubabazanye, ntimuhezanye!!_

_Iyo bantu bashwanye, birashika ntibasubire no kuvugana canke ah’uri ukumva ko uwukuvugishije woca umwishura nabi,_

_Ariko muri vyose umuntu akwiye kuba uwufise urukundo._
_Ijambo ry’Imana ritubwira ngo ni vyashika ugahura n’ibituma uraka, wiyubare kugira ngo izuba ntirirenge ukiratse, kugira ngo ntibigukoreshe icaha._ 

_Ndabifurije kuba abidegemvya m’Umwami wacu Yesu kristo kugira ngo murangwe n’Urukundo ibihe vyose._