
Ikiziga c’umwana atamenyekanye catowe hafi y’uruzi Maragarazi, ku mutumba Mbizi, Komine Kibago iri mu ntara ya Makamba.
Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri komine Kibago, amenyesha ko uwo yatowe ari umwana w’umuhungu afise imyaka iri hagati ya 13 na 14, akaba yabonywe ubwa mbere n’abana bari baragiye inka.
Musitanteri wa komine Kibago yemeza ko uwo mwana atamenyekanye, ariko ko aca akora igikorwa co kumujana mu buruhukiro bw’ibitaro vy’intara ya Makamba, mu kurindira ko abo mu muryango wiwe baboneka.
Ico kiziga catowe ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 29 Myandagaro 2017.