Rwanda.Diane Rwigara atavuga rumwe n’ubutegetsi yoba yafashwe n’igipolosi

Diane Rwigara ari mu bari biyemeje guhiganwa n’umukuru w’igihugu Paul KAGAME mu matora y’umukuru w’igihugu c’Urwanda aheruka kuba, ariko mu nyuma akurwa ku rutonde yafashwe n’abajejwe umutekano muri ico gihugu, akaba yafashwe hamwe n’umuryango wiwe wose. Incuti za Diane RWIGARAzivuga ko zitazi irengero ryiwe. Mu giporisi c’Urwanda bemeza ko ayo makuru y’ifatwa ryiwe batayazi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda, ACP Theos Badege, yahakanye ibivugwa ko uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda yafashwe n’igiporisi c’ico gihugu.

Diane Shima Rwigara w’imyaka 35 yari yiyemeje guhiganwa na Paul KAGAME

Mu kiganiro ACP Theos Badege yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda yagize ati : “Diane Rwigara ntabwo afunzwe. Icyo Polisi yakoze ejo, mu kazi kayo ko gukora amaperereza y’ibanze mu gihe hagaragaye ibimenyetso biganisha ku cyaha, ni uko ejo hakozwe gusakwa hashakwa ibimenyetso by’ibyo byaha. Icya mbere ni ugukoresha inyandiko mpimbano ikindi ni ukunyereza imisoro. Icya mbere kirajya kuri Diane Rwigara ikindi kikajya ku ikompanyi y’umuryango n’abayifitemo ubuyobozi.”

ACP Theos Badege, umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda