Intara ya Muyinga iza mu kibanza ca mbere ku rutonde rw’ingene amashure yarushanije mu kibazo ca Reta co mu mashure y’intango gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure yisumbuye.
Abanyeshure b’iyo ntara ya Muyinga iza kw’isonga ku rutonde rw’imfatakibanza batoye ico kibazo ku bice 78,53 kw’ijana, bagakurikirwa intara ya Cibitoke yatoye ico kibazo ku bice 77,81.
Intara ya nyuma kuri urwo rutonde ni Muramvya yatoye ico kibazo ku bice 52,92.
Igisagara ca Bujumbura kiza mu kibanza ca 13 mu ntara 18 zigize igihugu c’Uburundi, abanyeshure bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba batoye ico kibazo ku bice 63,85.
