Bururi : Umugabo yapfuye arashwe n’abantu batamenyekanye

Umugabo azwi kw’izina rya Gaspard NIYOKWIZERA yarapfuye arashwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017.

Amakuru ava ku mutumba Donge-Burasira, komine Mugamba, intara ya Bururi, amenyesha ko Gaspard NIYOKWIZERA yitavye Imana nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro arashwe ariko arataha avuye mw’isoko y’i Tora aho yari yashoye inka.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko igiporisi kimaze kuhashika mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, basanze amafaranga yari afise akiyafise.

Uwo Gaspard NIYOKWIZERA yishwe yari yasubijwe mu buzima busanzwe avuye mu gisirikare ca Reta (Ex FAB).