Reta y’Uburundi yafashe ingingo ko y’ukutazosubira kurungika Abarundi kwiga mu bihugu vy’Ububirigi, Ubufaransa hamwe na Amerika. Ivyo bihugu vyagirizwa na Reta y’Uburundi ko bigumana iwabo incabwenge z’Abarundi ziba zarungitswe kwiga muri ivyo bihugu
Inyuma y’umwiherero w’iminsi ibiri w’abagize Reta y’Uburundi wabereye muri iyi ndwi mu ntara ya Gitega, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yamenyesheje ko bimwe mu vyizwe harimwo ico kibazo c’Abarundi baba barungitswe kwiga mu mahanga ariko ntibagaruke mu Burundi. Muri Reta bamenyesha ko ivyo bihugu bikora ivyo mu ntumbero y’uguhungabanya Uburundi.
Firipo NZOBONARIBA avuga ko ibisata bibangamiwe mu kwibwa incabwenge z’Abarundi ari igisata c’amagara y’abantu, igisirikare hamwe n’igiporisi. Ibihugu navyo bimaze kugaragara ko arivyo bigumana Abarundi baba babirungitswemwo ni Ubufaransa, Ububirigi hamwe na Amerika. Ingingo Reta y’Uburundi yafashe akaba ari iy’uko ata murundi azosubira kurungikwa kwiga muri ivyo bihugu.
« Hari ibihugu bimwe bimwe biba bimaze kubona ko uwo muntu ari incabwenge cane, iwabo asigaye arusha ubwenge n’abana b’abazungu bigayo, baca bagira uburyo bwose bakabagumya kugira babakorere, bakamishe ubwenge Uburundi buba bwashizwemwo umutahe. »

Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo muvugizi wa Reta, n’Abarundi bazorungikwa mu bindi bihugu bazobanza gutera umukono ku masezerano avuga ko bahejeje kwiga bazotahuka gukorera igihugu cabarungitse. Uwutazotaha nawe akazofatwa nk’uwufitiye ideni Reta y’Uburundi.
Ku bakozi ba Reta nabo bazoba barungitswe kwiga mu mahanga, ariko bakaba babona ko bashobora kuzobagora kugaruka mu Burundi, Reta y’Uburundi ivuga iti :
« Uwuzobona bizohava bimugora kugaruka azosaba uruhusha, agende ku gatwe kiwe, ariko ntaze agende abandanya ahembwa na Reta, yongera arihirwa na Reta, hama ngo aheze ahereyo. »