Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru NET PRESS, Norbert RUCABIHARI yahagaritswe n’igiporisi mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, akaba yarekuwe inyuma y’isaha ariko arumvirizwa.
Uwo mumenyeshamakuru avuga ko yafatiwe kw’ihoteri Albatros mu gisagara ca Bujumbura, ajanwa muri PJP (Police Judiciaire des Parquets) aho yamaze hafi isaha ariko arumvirizwa.
Norbert RUCABIHARI amenyesha ko abo baporisi bamusavye Terefone ngendanwa yiwe kugira barabe ibirimwo, ariko basanga atayo yagendanye. Uwo akorera ikinyamakuru NET PRESS avuga ko atumva ingene yohagarikwa uwo mwanya wose ataco yagirizwa, akarekurwa atabwiwe n’igituma yari yahagaritswe. Avuga ko yatewe ubwoba n’ivyamushikiye.

Norbert RUCABIHARI, umumenyeshamakuru wa NET PRESS
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko batararonka amakuru akwiye y’iryo hagarikwa ry’umumenyeshamakuru Norbert RUCABIHARI. Petero NKURIKIYE avugira agiporisi yemeye ko ahava agira ico ashikirije mu makuru yacu yo hanyuma.