đNTIMUKIGANYIREđLUKA 12:22.
22.Abwira abigisha biwe, ati ni co gitumye ndababarira,nti ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya,cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.
23.Kukw amagara aruta Ivyo kurya,n’umubiri uruta ivyambarwa .
24.Nimwitegereze ibikona,ingene bitabiba,ntibishwabure,ntibigire ububiko cank’ikigega,kand’lMANA irabitunga.erega mwebwe muruta ibisiga cane.
27.Nimwitegereze amashurwe,ingen’akura:ntiyirirwa aratama,ntajisha impuzu:ariko ndababwire:na salomo mubwiza bwiwe bwose ntiyar’ashajije nka. Rimwe mur’ayo.
28.Non’IMANA ko yambika ivyatsi vyo kumisozi irtyo,birih’uyumusi,ariko nk’ejo bigatererwa mu muziko,mbega ntizorushiriza kubambika,mwebwe ab’ukwizera guke mwe?
30.Ku kw Ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka,ariko so arazi ko mukena Ivyo.
31Ariko mwitwaririke. Ubwami bwiwe,niho Ivyo muzovyongerwa.đAMENđ