Muri umunyu d’Isi kandi mutegerezwa kugumana uburyohe n’akanovera mu bikorwa no mu ngeso.

TWAHAMAGARIWE KUBA UMUNYU W’ISI. « Umunyu ni mwiza, arik’ umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro. »[Mariko 9:50] Umunyu uraryosha inrya, ndetse abenshi vyonabagora gufungura ivyo kurya utabirimwo. Ni nako umu Kristo iyo ari umunyu koko nk’uko bibiliya ivuga, ibintu birushiriza kuba ibiryoshe aho aherereye. Nk’akarorero, abantu benshi bakorera ijisho. […]