Ukuri ukuvanze n’ikinyoma gucika ikinyoma kandi n’ukuri ukuvuze igice kuba ubusa. Abarundi barakinisha umuriro.

Nahisemwo gukebura Abarundi bakoresha imbuga ngurukana majambo bitwaje yuko barwanya ubutegetsi canke babushigikiye maze bagasuka umuriro mu bantu bibaza yuko ari ibisanzwe. Inkuba irabije ntuvuga ngo mara Abansi kuko n’abakunzi irajaniranya. Hari vyinshi vyandikwa n’aba n’abariya bamwe bagiriza abo muri leta ukwica abantu abandi bagiriza abarwanya leta ukwicisha abantu. Mugabo uyu munsi ntituzindukanywe no kubeshuza […]