Ibihe vy’impemburo bishika ryari?
» Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana.”[Ivyakozwe n’intumwa 3:19] Akenshi turasenga twifuza kugira ibihe vyiza. Kandi koko uravye ugusenga nirwo rupfunguruzo rwa vyose. Ariko none ibihe vyiza biza ryari? Twasomye ngo« nimwihane,muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye munyongo z’Umwami Imana ». […]