“Hariho ibintu biboneka neza cane bisayangana mugabo imbere atakirimwo” Ibikorwa vy’abategetsi.
Hariho amashusho y’ibimenyetso yerekanwa ku mbuga ngurukana bumenyi, abasavyi n’abakevyi bakayahagararako kugira ngo bimenyekanishe baciye kur’ayo mashusho y’abategetsi ariko muvyo ukuri n’ivyo bikorwa abo bategetsi bitaba arivyo guteza imbere igihugu bashinzwe mugabo ar’ivyo kwiteza imbere canke kugira muti :”Mwambonye!” Turakunze kubona amafoto y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yifotoje afise umuhini w’isuka ngo ariko ararima canke ababara, […]