Hariho ubusuma, akarenganyo n’agahahazo Abarundi dukwiriye kwivyukiranya.
Abahomvya igihugu ni abafise amabanga ahambaye mu butegetsi. Abahomvya Leta ni cane cane abayirimwo kandi birababaje kubona igihugu cacu ari icanyuma canke bibiri vyanyuma kw’isi ariko nti twinegure ngo twikubite agashi, tukaguma twihumuriza umwe wese akaraba itunga ryiwe gusa ntiyiteho itunga rusangi. Akarorero kamwe mu turorero tubabaje twinshi. Uwo mushikiranganji, wewe décret isimbugwa n’iyindi, kandi […]