Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu makungu “Diaspora Ndundi”ryidogeye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.
Mu rwandiko rw’impapuro zine iryo shirahamwe ry’Abarundi baba hanze, baneguye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yuko atabakoresha inama, iyo yakoresheje yo ku mihora nayo yabaye imvo yo kwikurayo kuko itagira intumbero. Mur’iryo kete ryateweko umukono n’indongozi 8 ziserukira Abarundi b’ishwi bari muri Amerika, Ubgongereza, ubutaliyano, Kenya, Ubufaranda, Ubu swedi, mu Scotland na Canada; bavuga yuko (1) […]