Patirisi Ntafatiro: Umurundi canke umunyamahanga akwiriye kwubaha ibintu vy’uwundi ntavyitiranye na rwiwe.
Umuronzi w’ikirundi Patrice Ntafatiro arasaba abakoresha ibintu aronga kuza baravuga aho babikuye.Kuri we ivyo yemeza ko amaze kuzana bironze bisigaye bikoreshwa n’ibi: -Ijambo « Umwubahwa »avuga ko ariwe yaritanguje, mu gukosora ijambo « Nyakwubahwa »ridaha agaciro umuntu yubashwe arikwiriye,kuko umwise Nyakwubahwa ntuba umwubashe uba ubimwipfurije. -Ijambo « Abarundi b’Ishwi »risigura abarundi baba mu mahanga bakunze kwita aba Diaspora naryo nyene ngo […]