Abarundi barazinzwe n’impwemu yo gusabiriza no kurondera ubufasha kuvyo dushobora kwikorera
Busoni: ubuzu bwa surwumwe bwarashaje kw’ishure, umuyobozi arasaba ubufasha Aho ni kw’ishure ryisumbuye #KABANGA muri Komine #BUSONI y’intara ya Kirundo.Umuyobozi w’iryo shure amenyesha ko utuzu twa surwumwe iryo shure ryari rifise twuzuye twongera turasambuka kubera dushaje. Jean Marie NTIRANDEKURA avuga ko uburyo bukenewe kugira hubakwe ubwiherero bushasha iryo shure ritoburonka kuko hasavwa imiriyoni zirenga zibiri. […]