Leta y’Uburundi yategerezwa kuba yarafashe ingingo yo gukingira abenegihugu n’ivyabo

Hariho ibintu vyinshi biboneka yuko bibangamiye abantu n’ibintu mugabo inzego zibijejwe ntizifate ingingo zibereye hakiri kare ukamengo leta siho iri canke inzego zihari ntizigira uburongozi buzikuriye. Uturorero n’umuyagankuba uguma wiha inkumbi mu gihugu, akarenganyo wumva hirya no hino mu matongo n’ayandi matati atandukanye, n’ibindi. Ubuho hinjiyemwo ikibazo c’amazi ya Tanganyika ariko araduga mu mazu abantu […]