Abantu barenga 100.000 ntawuzi irengero ryabo nyuma y’igihuhusi mu bubanuko bushira ubuseruko bwa Afrika

Igihugu ca Mozambique catanguje ikigandaro c’iminsi itatu co kwunamira abantu barenga amajana abiri bishwe n’igihuhusi Idai, cashegeshe akarere k’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika. Umunyamakuru wa BBC ari mu muji wa Beira muri Mozambique, wasibanganijwe n’ico gihuhusi, yavuze ko abajejwe gutabara vyabataye ku w’amazi. Itumatumanako ryahagaze, amabarabara ntarengana bigatuma imihana imwe imwe ata buryo na bumwe […]