Kubera iki Abarundi dutinya kandi tukankiriza ukuri!

Hari umukurambere nabariye nti “ukuri kutavuzwe n’abakijijwe, nti kuzovugwa n’abadatinya Imana”. Ivyo nabimubariye bivuye ku kiyago kirekire twagiranye kuvyerekeye kahise k’igihugu cacu c’Uburundi. Umuntu wese yama aharanira kunyegeza ukuri, kuguhindukiza canke kuguhakana kubera kumutsinda canke gufata ubgoko, umuryango wabo cangwa abo akunda. Uwundi akama agerageza gusomangiza, kurisha no kubabaza abandi kubera icaha kigwa ku bandi […]