Nta kintu na kimwe cotuma wica abenegihugu ngo uriko uharanira agateka kawe.
Umuhari Red Tabara waraye wihaye inkumbi hafi y’igisagara ca Bujumbura aho wishe umuryango wose uri mu kigandaro. Abarundi baratera igihugu cabo bakica benewabo ngo barondera ibiganiro na leta! Abarundi baramenyereye kwumva amasasu n’ibisasu bisamirana ku mbibe z’igihugu maze bukeye bagasanga ni abenegihugu m: abana, abagore, abagabo abatama n’abatamakazi bahasize ubuzima kumbure hakiyongerako umwe canke babiri […]