Isabukuru nziza: urubuga rw’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO.COM
Urubuga rw’Ihanga Ryera ry’Imana – Ishengero rya Yesu Kristo rwitwa ABISEZERANO.COM uyu munsi rurarumije imyaka ine rukora umwuga wo gutangaza amakuru y’ijuru, amasezerano, ubuhanuzi, ijambo ry’Imana n’ayandi makuru y’irya n’ino akangurira abana b’Imana kumenya ibimenyetso vy’ibihe. Uyu mwaka ugira 5 dutanguye n’umwaka w’intsinzi. Twashikirije ayo makuru Abarundi n’akungu mururimi rw’ikirundi cacu, mu gifaransa, igiswahili n’icongereza. […]