Umuntu wese arafise uruhara mw’ishitswa ry’umugambi b’Imana ku bantu.

URUHARA RW’UMUNTU MUMUGAMBI W’IMANA. « Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice. »[Matayo 2:13] Aha Yesu yari yavutse, Umwami Herode nawe agira imigabo yo kumwica. Imana ica ibihishurira Yosefu ngo ahungishe umwana na nyina. […]