Yesu Kristo dukize twebge Abarundi
Hariho abantu bakira, ababohoka kubera ukwumviriza indirimbo z’Imana. Abantu benshi barazikunda, bagakunda umudiho n’amajambo aba yaririmbge. Mugabo naho baba batumva amajambo indirimbo z’Imana ziguma ziryoshe. Twahisemwo rero kuza turabashikiriza indirimbo zaririmbge mu zindi ndimi kandi tukabahindurira amajambo azirimwo mu Kirundi kugira ngo mumenye ubutumwa zitanga. Ni ukugirango n’abaririmvyi b’Ihanga Ryera ry’Imana bigireho ubumenyi bgo kuririmba […]